Condo Célestin - OYA NTA BWOKO ( Official Video lyrics )

Описание к видео Condo Célestin - OYA NTA BWOKO ( Official Video lyrics )

Ref.: Oya nta Bwoko
Eka nta mitumba
Ah'ubwo n'amaronko
Atuma ducanamwo.
Oyo nta Bwoko hohoo
Eka nta mitumba
Ahubwo n'amaronko
Atuma ducanamwo.


U Burundi n'igihugu
Twarazwe na ba Sokuru
N'isange ry'Isangi
Abarundi dusangiye

Turi bene Burundi
Tur'abavandimwe
Dutegerezwa kubana
Kuko ataho dushirana
Ikijuju kitabizi
Kikaja ku mohe
Kikica mwenewabo
Ataco kimuhora
Ubujuju nk'ubwo
Ntaho buzodushikana
Aho vyabereye ni kera
Twama duhendwa.

Ref.:

Ntihica ubwoko
Hica Intwaro mbi
Ziryanisha ababanyi
Bibaniye mu mahoro
Abarundi benshi
Abarundi b'umutima
Twishakira Amahoro
Hamwe n'Ubutungane

Ref.:

Twirinde ibihuha
Twijukire ibikorwa
Twiyamirize Nsumirinda
Ashaka kudutobera
Dukore uko dushoboye
Turonderere kazoza keza
Ibibondo vyacu
Bo Burundi bw'ejo
Tubarage I Gihugu
Kizira amacakubiri
Tubarage I Gihugu
C'ubumwe n'amahoro.

Ref.:

Oya nta Bwoko
Eka nta mitumba
Ah'ubwo n'amaronko
Atuma ducanamwo
Oya nta Bwoko hohoo
Eka nta mitumba
Ahubwo n'amaronko
Atuma ducanamwo.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке