Ugusaba umugeni : ijambo ry'usaba umugeni, Kinyange na Torobeka babaye bamwana

Описание к видео Ugusaba umugeni : ijambo ry'usaba umugeni, Kinyange na Torobeka babaye bamwana

Ijambo ry'ugusaba umugeni ni ijambo rya gishingantahe, barivugana ubwenge kandi rikaryoha kwumviriza.

Muri runo rugero twatanze, Kinyange asabira umugeni umuhungu wiwe atakirya, atakiryama ari ukwiyumvira umukobwa wa Torobeka .

Kinyange na Torobeka baheruka gusabana ubumwe, igihe bayagira mu mbaramake banama akajambo kamwe ari ko kazinduye Kinyange uno munsi.

Emwe Torobeka nk'aho umenga iyo nkuru ntiyarayizi, aririje Kinyange ku kabaje nde, ubona ko umusavyi atarambirwa ataraka Kinyange arashishikara gushika ashengurukane ingabirano.

Iyumviririze namwe!

Комментарии

Информация по комментариям в разработке