Hoba hakekwa coup d'etat ?
Amakuru dukura hafi y'abegereye Prezida Ndayishimiye aremeza ko mu mpera y'indwi iheze habaye inama idasanzwe hagati y'abajenerari bahoze bagwana muri CNDD-FDD. Inama yabereye Iwabo wa Prezida Ndayishimiye mu Kibimba (komine Giheta)
Isoko ryacu ahariko harabera iyo nama yagize ati :
"Iyo nama ntiyari isanzwe na gatoya. Yatanguye ku wagatanu isaha icumi n'imwe z'umuhingamo (17h), irabandanya ku wagatandatu gushika isaha zine z'ijoro (22h). Abayitumiyemwo vyari ibihangange vyahoze bugwana muri CNDD-FDD. Nta muntu atagwanye yayitumiwemwo. Abo niboneye ubwanje ni Prezida Ndayishimiye, Général Gervais Ndirakobuca, Reveriyano Ndikuriyo, Général Prime Niyongabo atwara gisirikare c'Uburundi, Général Etienne Ntakarutimana (Steve) yahoze atwara iperereza, Général Gabriel Nizigama (Tibia) yahoze ari umuyobozi mwishikira wa Prezida Nkurunziza na Prezida Ndayishimiye, Général Joseph Ngendabanka batazira Warioba ajejwe kugura no gushingura ibikoresho vy'igipolisi, Général Christophe Manirambona (Wakenya) asanzwe ari icegera c'umukuru w'igipolisi, umu jenerali batazira Gipfungu (Sinzakaraho Joshua Athanase) yahora mu buserukizi bw'Uburundi i New-York, Général Emmanuel Miburo (Komater) atwara INSS, Général Léonidas Ndaruzaniye atwara cabinet police ya Prezida, Général Silas Ntigurirwa atwara cabinet militaire ya Prezida, n'abandi. Biragoye kumenya neza ico bayivugiyemwo ariko twebwe twumvise ngo ni inama yo gusubiza hamwe !"
🔴 Bunyoni yoba agiye kurekurwa ?
Kuba iyo nama yaratumiwemwo Général Gabriel Nizigama (Tibia) na Général Etienne Ntakarutimana (Steve) ni ikimenyetso cerekana ko bishoboka ko iyo nama yari ifise intumbero yo guheza indyane zimaze igihe hagati y'ibihangange vya CNDD-FDD. Kuva Général Bunyoni, Général Nizigama na Général Ntakarutimana bakuwe mu mabanga muri nyakanga 2022, hagakurikira ifatwa rya Général Bunyoni muri ndamukiza 2023, icuka cagumye kiba kibi cane hagati y'ivyo bihangange. Mbere binatuma mu banywanyi ba CNDD-FDD haguma ibihuha bitangwa mu ntamatama ko Prezida Ndayishimiye ashobora gutembagazwa umwanya uwariwo wose.
Izi zankano zarateye ubwoba Prezida Ndayishimiye kuva hatanguye kunuganugwa ko Général Gervais Ndirakobuca na Reveriyano Ndikuriyo nabo bari mu biyunze ngo bagwanye Prezida Ndayishimiye. Gutumako bino bihangange vyose ku rugo iwe mu Kibimba ni inzira Prezida Ndayishimiye yibajije ko yomufasha gusubiza hamwe n'ibihangange imbere y'amatora ya 2025, maze abagumyabanga bajane mu matora bafatanye. Ikindi gitera ubwoba Ndayishimiye nuko izi ndyane zikomeye mu gihe ibibazo vy'ubutunzi bisa n'ivyamunaniye, amakungu akaba yarataye icizere yari amufitiye. Arabona ko aka atari akanya keza ko gusekana n'abakeba biwe muri CNDD-FDD.
Kimwe mu bibazo bitoroshe Prezida Ndayishimiye ategerezwa gutorera umuti ni ingene azorekura Général Alain Guillaume Bunyoni aherutse guhabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwose no kunyarwa amatungo yiwe. Mu gihe Général Nizigama na Général Ntakarutimana bagarukanywe mu ruhongore, ntivyoroshe kugumiza mu munyororo uwo vyitwa ko boba bari basangiye umugambi wo gutembagaza Prezida Ndayishimiye, naho bo batahagarirswe. Bunyoni yasanze mu munyororo abandi basirikare n'abapolisi bagirizwa ko bagerageje gutembagaza Prezida Nkurunziza muri 2015, kandi nabo nyene bahawe igihano nk'ica Bunyoni. None Ndayishimiye azorekura Bunyoni areke abandi ? Ndayishimiye aranatinya ko irekurwa rya Bunyoni rizotuma aca akomera, agakundwa mbere akanahava ashikira intumbero yo kumutembegaza. Atarekuye Bunyoni naho, bizogorana ko uko gusubiza hamwe gushoboka neza.
🔴 Umugambi w'intambara ?
Iyindi ntumbero iyi nama yoba yari ifise yoba ijanye no kuvugana ivy'intambara ziri mu karere, aho ubutegetsi bwoba buriko butegurana na RDC intambara ikomeye mu karere. Prezida Ndayishimiye akabona ko bihambaye ko abahoze bagwana muri CNDD-FDD baba bafatanye mu gihe c'iyo ntambara. Naho bafise vyinshi bapfa, bano bategetsi barafatana iyo hageze ko bumvikana kugwana n'abo bita abansi babo mu karere.
Mu nkuru tuzobasangiza ejo, tuzobaha ibimenyetso vy'imyiteguro y'intambara ikomeye biri mu gisirikare c'Uburundi.
🔴 Ubwo biroroshe ko aba CNDD-FDD basubiza hamwe iyo bamaze gucanamwo ?
Mu mateka y'aba CNDD-FDD, iyo bacanyemwo ntibasubiza hamwe, ahubwo haraba uruhande rwiganza rukanesha urundi. Niko vyagenze igihe Jean Bosco Ndayikengurukiye yatembagaza Léonard Nyangoma. Niko vyabandanije Petero Nkurunziza na Hussein Radjabu batembagaje Jean Bosco Ndayikengurukiye. Bageze ku butegetsi vyabandanije gutyo, mu gihe Prezida Nkurunziza yikurako uruhande rwa Hussein Radjabu, muri 2015 naho atandukana n'abiyamirije ikiringo ca gatatu, abari kumwe na Général Godefroid Niyombare be n'abiswe aba "frondeurs". Hatangura ibihuha bivuga ukutumvikana mu butegetsi, mbere bakanabibeshuza,#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Информация по комментариям в разработке