IMIGĒNZO 23. URÙPFU 9. GUSĒZERA BUCÚMI DONAVINE « DON À VIE N! ». NI AKAGÁRUKA, TURI KÙMWE DONA!

Описание к видео IMIGĒNZO 23. URÙPFU 9. GUSĒZERA BUCÚMI DONAVINE « DON À VIE N! ». NI AKAGÁRUKA, TURI KÙMWE DONA!

Ni akagaruka turi kumwe Dona

1. (Icītabirizo) Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó urugó arí umugóre
2. Wého Mugóre wānje wàri Mutíma w’úrùgo n’îngò
3. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó ikigāndāro arí ahabúze umugóre
4. Wého Mugóre wānje uragīye hagaruka ubupfǎre n’úbupfûvyi
5. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó umugabo agirwà n’úmugóre
6. Wého Goronǒme n’íyogi wasíze ubívye ni bgó bugabo bgānje
7. Abarǔndi bávānye bīvugira ngo « ni agasāga turi kùmwe!»
8. Nǎnje nti: « Ni akabǎba, ni akagáruka, ni agasāga turi kùmwe!»

9. (Igitêro 1) Nywà rìmwe mu gahǐnga na rìmwē rìmwe iwânjè nâtéretse
10. Amôsozi y’úmubábaro cânkè ay’ágatwēngo wōgira ni amavāno
11. Uwútäbibgīwe ni uwutágìra ubgîzà bg’úbgīra bgó kwǔmviriza
12. Uwútëretswe ni Kitábòna cā Kitûmva cǎnabuze umubiri wũmva
13. Kukó sinasîba kwǐsasa nsígūra kó Rugirá yampêzagiye imûmpa
14. Nõne n’ǔbu sinōreka ngo ni ukó urusîkà rusidútse nsusúmira
15. Bucúmi wó mu Cīmba akāncáko ntacumúye agênda bgā mêndè
16. Yamára ndeka nzôpfe mvúga kó urùpfu rukoméza urukûndo

17. (Igitêro 2) Ntàboréwe narîtōye mborōgera kū mbonēshakure n’ísāmirizi zĩzwi
18. Nâzindutse ntáràtse narávyǎnditse mu bitabu n’íbinyámakúru
19. Narábisáraguye ku musěnyi, ku bigiga nó ku masáre adasadúka
20. Narábibgîye imbizi, imigezi, imyônga, inzûzi, ibiyága n’ínyānja
21. Narábiyâgiye ibiyāya, imicâmo, imisózi, ibicu, izûba n’înyényěri
22. Narábipfúkūriye abǎpfūye, abarího, abazôvûka n’Îmâna yǎmáho
23. Kó wèwe Mupfâsoni Mukânjè Nyinawâbâna na Mútimawúrùgo
24. Uri umugóre w’íbānga Mǎnayíngabo yangábiye mw’ībānga

25. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga
26. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga
27. Iyooohoooo!

28. (Icītabirizo) Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó urugó arí umugóre
29. Wého Mugóre wānje wàri Mutíma w’úrùgo n’îngò
30. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó ikigāndāro arí ahabúze umugóre
31. Wého Mugóre wānje uragīye hagaruka ubupfǎre n’úbupfûvyi
32. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó umugabo agirwà n’úmugóre
33. Wého Goronǒme n’íyogi wasíze ubívye ni bgó bugabo bgānje
34. Abarǔndi bávānye bīvugira ngo « ni agasāga turi kùmwe!»
35. Nǎnje nti: « Ni akabǎba, ni akagáruka, ni agasāga turi kùmwe!»

36. (Igitêro 3)Wari wâ Muzēzwanzu muzima azwí mu Bitabu bitagatífu
37. Wari Wâwǎcu Rugìra irèma rìmwe rizima ngo yĩtwe Imâna
38. Wari wâ Mukényezi bīkúgūra mu kibâno nó mu makūngu
39. Wari wâ Mukényezi batá amacúmu n’ábatámukûnda
40. Wari Donavine Don à vie n! Ngabíre yadôdōye nkadádama
41. Wari Mutíma utīkûnda ukītáho n’ábatágira Shĩnge na Rugero
42. Wari wâ Mugānga w’índānga atagāngárika ku zuba abǎngāye
43. Uri wâ wũndi Rugìra iremá ràmwe rizima ngo yĩtwe Imâna

44. (Igitêro 4) Urukûndo nagúkūnze ntā kizôrukóràko kukó ntiruríko ruratītūka
45. Nta co ntazôkóra kukó túkiri na kúmwe ntā na kímwe nakwîmye
46. Agatwēngo kāwe nzōgatwēnga mu mutwēnzi ndúhūrira umùtwe
47. Abâna bâcu nzōbarera kúrya ubǐzi mbè sé wâbo na nyina wâbo
48. Umuryāngo wāwe arí wò wānje nzōwuryāmáko ùrye ivyó nzôryàko
49. Imiríma wasíze izōshūrika na wêwè iyo wīsháshe iwa Yězu ushĩme
50. Zína gitôndo nzōgēndera indôto zāwe ndîndīriye abagēnzi bāwe
51. Ikirǔndi c’Ábarǔndi kizōguma arí inkǐndi, ikirǐndi n’ínkǐngi iturǐnda
52. Ingoma sí ngõmbga ngo ngōfêre urazi kó nzōpfa túkizivuza nêzà
53. Imâna Mwǔngere Mwĩza nzōyāzāmbira izôndéke tuzôbonáne


54. (Icītabirizo) (Nāma mvúga)
55. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga (N’ǔbu mvuga) kó urugó arí umugóre (Urugó arí umugóre)
56. Wého Mugóre wānje wàri Mutíma (Wàri Mutíma w’úrùgo n’îngò) w’úrùgo n’îngò (Mugore wanje)
57. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga (Nāma mvúga n’ǔbu mvuga) kó ikigāndāro arí ahabúze umugóre
58. Wého Mugóre wānje (Wého Mugóre wānje) uragīye hagaruka ubupfǎre n’úbupfûvyi
59. (Je Nāma mvúga) Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó umugabo agirwà n’úmugóre (Umugabo agirwà n’úmugóre)
60. Wého Goronǒme n’íyogi (Ooo Ho Ho) wasíze ubívye ni bgó bugabo bgānje.
61. Abarǔndi (Abarǔndi bávānye bīvugira ngo) bávānye bīvugira ngo « ni agasāga turi kùmwe!»
62. Nǎnje nti (Iyooo): « Ni akabǎba (Ni akabǎba), ni akagáruka (Ni akagáruka), ni agasāga (Ni agasāga turi kùmwe) turi kùmwe! »

63. (Icītabirizo) Nāma mvúga n’ǔbu mvuga (Nāma mvúga n’ǔbu mvuga) kó urugó arí umugóre
64. Wého Mugóre wānje wàri Mutíma w’úrùgo (Donavine Bucumi) n’îngò (Donavine Bucumi)
65. Nāma mvúga n’ǔbu mvuga kó ikigāndāro (Mugore wanje Donavine) arí ahabúze umugóre
66. Wého Mugóre wānje uragīye hagaruka ubupfǎre (Nyina w’Abana banje) n’úbupfûvyi
67. Nāma mvúga (Mutimawurugo muvyeyi) n’ǔbu mvuga kó umugabo agirwà (Umugore waje) n’úmugóre (Itomate yanje)
68. Wého Goronǒme n’íyogi (Itomate yanje) wasíze ubívye ni bgó bugabo bgānje
69. (Patrice Ntafatiro) Abarǔndi bávānye (Uuuuu uu uu uu) bīvugira ngo « ni agasāga turi kùmwe! (Ni agasaga)»
70. Nǎnje nti: « Ni akabǎba (Ni akabǎba), ni akagáruka (Ni akagáruka), ni agasāga turi kùmwe!»

71.(Akagáruka) Imâna wītávye inináhazwe!
72. Undǐnde abânsi bakàka!
73. Undǐnde abânsi!
74. Imâna wǐtávye nīnináhazwe!

Umwānditsi (Patrice Ntāfátiro), Umurírīmvyi (Rallye-Joe Níyìnzi)

Комментарии

Информация по комментариям в разработке