"Burya ubonye ukomeye riba ari isase riva ku Cuma." Nyeniteka R. Ndikuriyo muri Komine Kiremba

Описание к видео "Burya ubonye ukomeye riba ari isase riva ku Cuma." Nyeniteka R. Ndikuriyo muri Komine Kiremba

#Kiremba : Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo yashitse muri Komine Kiremba y’intara ya Butanyerera kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 17 Rusama 2024. Akaba ariko arabandanya kugendera indongozi z’Umugambwe CNDD-FDD mu makomine atandukanye y’igihugu mu ntubero yo kubasigurira bikuru bikuri biri mu vyapfunditswe n’Inama ya Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yabereye i Ngozi kuwa 22 na 23 Ndamukiza 2024.

Muri iyo komine ya Kiremba, Umunyamabanga mukuru yasavye abagumyabanga kutibagira iyo bavuye, ati : "Burya ubonye ukomeye riba ari isase riva ku Cuma. Kugira rero dushike ku vyiza twipfuza, ni ngombwa tumenye ivyaranze ba sogokuru, tumenye ikizira n’ikitazira."

Akabamenyesha ko izo nama ziriko ziraba kugira abarundi banagurwe neza kurya icuma iyo gipfushe bagishira kw’itupa canke kw’ityazo, gutyo abarundi bose bahaguruke ku murindi w’iterambere udasanzwe.

Yabibukije ko mu mwaka uza w’2025, abarundi bazoba bakwije imya 20 atawurara ntibuca. Akabasaba ko muri aya mahoro ari mu gihugu, bohagarara neza mu rugamba rw’iterambere.

Nayo Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera Ferdinand Habimana, mw’ijambo ry’ikaze, yamenyeshejwe ko muri iyo komine barajwe ishinga n’akarwi k’abantu b’inkozi z’ikibi barwanya iterambere kuko hari abarima nabo bakajamwo bakarandura. Akamenyesha ariko ko ingamba zikomeye zimaze gufatwa kugira ako kabi kabishe karanduranwe n’Imizi.

Mwomenya ko muri iyo Komine, Umunyamabanga mukuru yari yaherekejwe n’abanyamabanga ntunganyabisata bane, uwujejwe abahoze ku rugamba rw’amahoro na Demokarasi Nkuruziza Petero Aboubakar, Uwujejwe inyigisho z’akarangamutima Emery Landry Nyandwi, Uwujejwe iterambere Martin Nivyabandi n’uwujejwe Imibano Calinie Mbarushimana.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке