Agathon Rwasa: Sinarota Nicarana n'Akagwi k'Abantu Bavuga ko Bankuye ku Burongozi bwa CNL

Описание к видео Agathon Rwasa: Sinarota Nicarana n'Akagwi k'Abantu Bavuga ko Bankuye ku Burongozi bwa CNL

Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi akaba n'umukuru w'umugambwe CNL , Agathon Rwasa yemeza ko atarota yicarana n'akagwi k'abantu 10 bari muri biro poritike y'uwo mugambwe baherutse gutangaza ko bamukuye ku burongozi bwa CNL.

Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry'Amerika yavuze ko ata mugambi wo gushinga uwundi mugambwe igihe amatora ya 2025 y'abakenguzamateka n'abashingamateka yogera umugambwe utarasubira kwemererwa gukora. Asaba ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati kumureka we n'abandi banyamugambwe bagatumako ikoraniro kaminuza, akamenyesha ko ari ryo ryonyene rishobora gutorera umuti indyane z'umugambwe wiwe.

Yaganiriye na mugenzi wacu Eloge-Willy Kaneza wo ku biro vy'i Nairobi muri Kenya.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке