Nabaye umwe mu batanguje Kwaya Mapigano Ulyankulu//Ps Yustus avuze vyinshi murugendo gwubuzima bwiwe

Описание к видео Nabaye umwe mu batanguje Kwaya Mapigano Ulyankulu//Ps Yustus avuze vyinshi murugendo gwubuzima bwiwe

Abarundi benshi bagiye bahungira mu bihugu bitandukanye kw'isi kubera intambara zagiye ziba mu gihugu cacu c'Uburundi. Pasteur Yustus Bangirinama nawe yabaye impunzi muri 1972 mu gihugu ca Tanzania mu nkambi ya Ulyankulu. Aho niho yabaye imyaka irenga 35 imbere yo kuronka ubuhungiro mu gihugu ca Australia. Ikambi ya Ulyankuru yaramenyekanye cane kubera amakwaya abiri yamamaye cane muri East Africa mu myaka ya 1990, imwe muri zo ni Kwaya Mapigano. Ps Yustus yabaye umwe mu baririmvye muri iyo kwaya igihe kirekire, vyinshi vyiza bashitseko nawe yabigizemwo uruhara. Kwumvira, gusenga, guca bugufi no gushira hamwe nivyo vyatumye bagera kuri vyinshi. Abaririmvyi ba kino gihe barakwiye kwitaho message ziri mu ndirimbo zabo, ntibashire imbere umuziki gusa. Kurikira kino kiganiro wumve vyinshi ku buzima bwiwe. Nimba wipfuza gushigikira Kwaya Mapigano, wovugana na Mwenyekiti Eliphaz Habona kuri +255 683621607.
Kora subscribe, utange n'ivyiyumviro (Comment), ntiwibagire gusangiza abandi ino video.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке