Nikiza David _ Umugore w'Ubu ni temba ntereke

Описание к видео Nikiza David _ Umugore w'Ubu ni temba ntereke

R/
Agahengera utashe akaja mu buriri, agasinzikara hewe
Akagutega inyonko y’impimbano.
Agahengera ugiye agatamba agasiga, imigere igahindaa
Umugore w’ubu ni "Temba ntereke "

1st VERSE:

Ukamusigira abana ukagenda ku murimo, agafata inzira,
Agahinguka abonye igihendabaja.
Akarenga irembo ngo agiye gusuma, ihibambewe hoo
Umugore w’ubu ni "Temba ntereke."


—–Ukamuha imodokari agasimba akayanka haa
"Oya data je nishakira indege "
—–Ukamwongera iyindi akarahira akarengwa
ngo "oya data je nishakira indege"

2nd VERSE:

Ugakubita urugohe, ukarenga akarenguka
Ugasimba umugende agasimba uwundi.
Akarenga imirambi, akihereza impinga
Agacurwa n’inyomvyi yo mumataha.


Umugore nya mugore ntiyishinga ikizungu oya bambewee
Yokwamana umutima wo kwubaka
Ntiyikika mukiza ngo atemvye umugabo aramubungabunga
Umugore nyawe yohora gutyo.

(...)

Umugore mwiza ntiwobimenya
Umugore nyawe ntiyoberana
Ni ishiga ryo kuziko
Ni igikingi c’irembo
Ni ikirezi co mw’izosi
Ni urutezo rw’abahetse

Комментарии

Информация по комментариям в разработке