Ishirahamwe KAZE GREEN ECONOMY rihingura amakara ritononye ibidukikije rishitse ku ntambwe iyihe?

Описание к видео Ishirahamwe KAZE GREEN ECONOMY rihingura amakara ritononye ibidukikije rishitse ku ntambwe iyihe?

Urwaruka rufise impano zo kwiteza imbere ni urwo gushigikira n'ukurutera intege kugira rushike kw'ihangiro rwihaye. Bivugwa n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angékine NDAYISHIMIYE mu gihe yagendera ahakorera ishirahamwe KAZE GREEN ECONOMY rihingura amakara atonona ibidukikije. Umuyobozi mukuru w'iryo shirahamwe KAZE Delphin akavuga ko naho bashima intambwe bagezeko, ubukene bw'umuyagankuba, ikibanza kidakwiye bakoreramwo n'ibindi ari zimwe mu ntambamyi iryo shirahamwe rigifise. Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu akaba avuga ko abantu basabwa gushira inguvu hamwe mu gushigikira urwo rwaruka kugira rwiteze imbere runateze imbere igihugu.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке