#Burundi

Описание к видео #Burundi

#Burundi : Umuyobozi mukuru w'Ishirahamwe #OTRACO yaharitswe mu kazi kuva kuri uwu wa kabiri n'Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye. Iyo ngingo y'ukuva mu kazi yafatiwe kandi n'Umunyamahanga arongoye ishirahamwe ryiyemeje gushira ivya "contrôle technique" i #Gitega, i #Ngozi hamwe n'i #Bururi. Abo babiri bategetswe kudasubira kwinjira aho basanzwe bakorera, iyo ngingo Prezida Ndayishimiye akaba yayifashe inyuma y'aho agendeye ikigo ca Otraco i Gitega kuri uyu wa kabiri agasanga uwo mugambi utarashirwa mu ngiro inyuma y'ikiringo bari bahawe, ivyo bigatuma abanyagihugu bahahombera. Umukuru w'Igihugu akaba yasavye umugenduzi w'igiporisi kwugara ahakorera OTRACO mu kurindira ko atanga intumbero nshasha, mu misi itarenze itatu.
Iyo ngingo muyakiriye gute ?

Комментарии

Информация по комментариям в разработке