Ikibanza gishinguwemwo Petero NKURUNZIZA kigiye kwubakwamwo ikigo kijejwe kwigisha gukunda igihugu

Описание к видео Ikibanza gishinguwemwo Petero NKURUNZIZA kigiye kwubakwamwo ikigo kijejwe kwigisha gukunda igihugu

Ikibanza gishinguwemwo uwahoze arongoye Uburundi Petero NKURUNZIZA kigiye kwubakwamwo ikigo kijejwe kwigisha gukunda n'ugukundisha igihugu. Ivyo vyashikirijwe kuri uwu wa kabiri n'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE, mu birori vy'ihimbazwa ku ncuro ya mbere umunsi wahariwe gukunda n'ugukundisha igihugu. Prezida NDAYISHIMIYE yasavye abasigwa ba Petero NKURUNZIZA kutibona nk'impfuvyi canke abapfakazi, kuko igihugu Petero Nkurunjziza yakoreye kiriho.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке