Vura #asima(asthme) ukoresheje iyi mitobe.
Ubisome kuko ntibivura hasima gusa ni ingwara yariyo yose
Dr.George Pamplona Roger, avuga ko, iyindwara isanzwe iri k'urutonde rwizindi zibangamira inzira zo guhema, Aho usanga umuntu ahema nabi, akazwira nk'umuswi w'inkoko, gukorora n'ibindi. #Imiriyoni 200 nizo ziyirwaye kw'isi. Ubushakashatsi bwakorewe kw'ishure #Limperial college de Londres no mu butaliyano kuri kaminuza y'i Milan, bwerekana asima ivurwa n'infugurwa zirimwo ibintu 4:
1. Antiasthmatique
2. Pectorale
3. Antiallergique
4. Immunostimulante.
#Uko wotegura umuti wa #asthma
1. #Umutobe ugizwe na pomme 1, umuhwi 1 canke 2 bitewe n'uko ingana na kiwi ushoboye kuyironka. Ariko ushobora kubifungura gutyo.
2. #Sirop d'oignon rouge (umutobe w'igitunguru gitukura):
katakata ibitunguru 2 canke 1, ungoramwo ibiyoko 8 vy'ubuki n'umutobe w'indimu yose (citron 🍋), bifundikire neza bimare Amasaha hagati y'8 na 12, uce uminina.
nywa ibiyiko 2 canke 3 Ku ncuro imwe, bikore incuro 6 k'umusi.
Tubibutse ko iyo Ari Umwana mutoya afise iyi ndwara, umuvuza iyi sirop kuko atoshobora kurya. Ariko umuha akayiko gato, incuro 3 k'umusi.
3. #Sirop de chou(umutobe w'ishu): ufata amababi y'ishu ukayaronga neza, ukayakoramwo Umutobe utavanzemwo Amazi, ugaca wongeramwo utuyiko 3 tumwe tw'abana rw'ubuki. Unywa ibiyiko 2 canke 3 mbere yo kurya.
#Ivyokurya ukwiye #gufungura cane:
salade igizwe na carotte, igitungulu gitukura na tungulusumu udutete 3. Ubirya ugira ufungure akaba arivyo bitangura mu nda.
imicungwe, inanasi, amapera, ibihoke canke amavuta yavyo, imyungu, amandes, noix(de cajou, Brésil...), Ibiyiko 2 vy'ingano z'imejeje, amavuta ya elayo(extra vierge)
#Ibi bintu ubihebe:
imyotsi y'inkwi ya buri gihe cane cane abacana munzu.
amafiriti kiretse atekeshejwe elayo
amandazi atekwa mubivuta vyabaye ikambiri
intumo munzu
kubana n'ibikoko bifise ubwoya(impene, inkwavu, imbeba z'ikizungu, utuyabu...)
amata y'inka, ifi, crevettes...
amavuta ya parfum.
Tubibutse ko umuntu arwaye asthme adakwiye kurya ibiyoba, adakwiye kwegera ahari soya. Ntabwo ibiyoba na soya bitera asima ahubwo iyo umuntu yarwaye yirnda ikintu cose coba intandaro.
Информация по комментариям в разработке