INZIRA Y' UMUSALABA
I
V/ Turagusenga, Yezu, turakuninahaza.R/ Kuko waducunguye mu kubabara no mu gupfa ku musaraba wawe mweranda.
Yezu acirwa urubanza ngo apfe
Yezu bamaze kumukubita, bamwambitse n'amahwa ku mutwe, Pilato atamubonyeko n'igicumuro, apfa kumuhereza abicanyi ngo bamubambe ku musaraba.
Yezu waciriwe urubanza rutari rwo, ataco wacumuye, wababaye ku bwiwanje, ari je nari nkwiye gupfa, jewe nacumuye. None subira ungirire ikigongwe, umusi nzopfa mbone urubanza runkiza, noye gutabwa mu muriro udahera.
2
Yezu yikorera umusaraba
Yezu yarashimve gupfa arikorera umusaraba aja mu nzira y'amagorwa, ngo atwereke natwe ingene tworinda amagorwa tumwigana.
Yezu, mpa umutima mbashe kukugendanira neza, ndinde ibingora vyose nkwigane, nishure ibicumuro vyanje.
3
Yezu agwa hasi
Yezu yari yananiwe ; ya maraso yava mu nguma ziwe yari yamwishe, akaremerwa n'umusaraba, agahava agwa hasi.
Mucunguzi wanje, ibicumuro vyanje vyinshi bigoye ni vyo vyakuremereye bikwica. Ubu yamara numva binteye ishavu ngomba kubiheba ; untabare rero nshobore kuvyanka n'ukuvyishura.
4
Yezu na Nyina bahwanira mu nzira
Mariya yumyise ko Yezu yafashwe, ababaye, akamukurikira, akamuhamvya mu nzira. Yezu na Mariya baboneraho amagorwa menshi, Yezu agorwa kuko abona Nyina wiwe ababaye, Mariya na we agorwa kuko abona Umwana wiwe ari mu minwe y'abamwica.
Yezu Mukama wanje, umpe umutima wo kukuyobokera turi kumwe na Nyoko wawe mbashe kumukunda neza. Bikira Mariya, untunge neza ngumye umutima, nkurikire Yezu nk'uko wamukurikiye nawe.
5
Bafata Umunyasireni yitwa Simoni ngo yakire Yezu umusaraba
Abayahudi batinye ko Yezu yopfira mu nzira, bafata umuntu yitwa Simoni, Umunyasirene, bamuremeka umusaraba ngo niyakire Yezu.
Yezu wavuze uti : «Uwunkunda n'angendanire», na Wewe, Mwami wanje, washimye kurinda ibigoye, unsigariza bikeyi ; n'umpe rero umutima sinanke ivyo wansigarije, ndinde amagorwa, ndinde n'urupfu ku bwawE
6
Veronika ahanagura Yezu mu maso
Veronika mweranda abonye Yezu, amaso yiwe ariko amate n'amaraso, bimutera ikigongwe, yakira ikiremo, amuhanagura mu maso. Yezu akamushimira yishushanya kuri nya kiremo.Wewe Yezu, niwishushanye mu mutima wanje, ico ushima mbe ari co nshima, ico wanka mbe ari co nanka; umpe umutima ushize ubwoba, ngume mu mabwirizwa yawe
7
Yezu agwa hasi ubugira kabiri
Yezu yari yarushe cane, umusaraba ukamuremera, ya mahwa yo ku mutwe akamwica, ata magara akigira agasubira kugwa.
Yezu, si umusaraba wikoreye ukwica, ni jewe nkwicisha ibicumuro nama nkora simpahe ; none Mwami wanje, sinkibisubira, umvyure noye gukukumba hasi.
8
Yezu ahoza abagore bamuririra
Abagore bamwe babonye Yezu ingene ababara, avirirana mu nzira yose, bikabatera ikigongwe bakarira : Yezu rero akababarira ati : « Mwa bagore, reke kundirira, nimwiririre mwebwe nyene n'abana banyu. »
Yezu, ntabara nitegereze ububegito bw'umutima wanje, nahora nikunda singukunde, ngashima ikikubabaza ; hindura rero uno mutima mubi, noye kukuririra gusa, cane cane mpebe ibicumuro vyakwishe.
9
Yezu agwa hasi ubugira gatatu
Ba Bayahudi bakwega Yezu bakamuhuhura, bakamukubita bakamuhutagiza, n'Umukama agasubira agasubira kugwa hasi.
Yezu abo babisha baguhuhura ni intumwa zanje. Wewe urababara nanje ndondera ikindyohera ; Wewe urapfa nanje ntwenga. Ntugapfe uri umwe mwami wanje, n'umpe umutima w'ukurinda nkwigana mu kwakiriza yompi ishaka ry'Imana.
10
Yezu bamwambura ivyambarwa vyiwe
Yezu ashitse ku gasozi k'i Kalvariyo, abasirikare bamwambura ivyambarwa vyiwe, batoneka inguma ziwe zose, Yezu akababara cane.
Yezu, ivyo vyose wabibabaye ku bwanje, wishura ibiterasoni nkunda gukora ; mfasha rero ndabihebe, mbe mweranda nkore imisi yose ibikunezereza.
11.
Yezu abambwa
Yezu bahejeje kumwambura, ariryamika we nyene ku musaraba, atega amaboko, abasirikare rero bakamubamba banega mu biganza no mu birenge vyiwe imambo z'ivyuma, amaraso agataruka n'imitsi igacika.
12
Yezu apfa ku musaraba
Yezu amara isaha zitatu abambwe ku musaraba, atagira aho aruhukira, akababara cane. Ariko aracikana, ashira ijwi hejuru ati : «Igikorwa canje kiraheze, Dawe ndaguhaye umutima wanje», akajondamika umutwe acikana.
Yezu wanje, ndiko ndahanga umusaraba wapfiriyeko. Uwakwishe ni jewe, yamara waransabiye ikigongwe uti : « Dawe, ibagira,ntibazi ico bakora ». Ni ko Yezu, sinari ndabizi, yamara noneho ndahaye ndamenya ingene wankunze ; ibagira rero ibicumuro vyanje, untabare ndabihebe, rya banga wampaye nshobore kuripfana.
13
Yezu bamubambura
Abagendanyi ba Yezu babiri babambuye ikiziga ca Yezu, bagihereza Nyina wiwe. Mariya yakiriye Umwana wiwe, abona ibitoboro mu biganza no mu birenge, n'inguma zikwiye umubiri wose, umutima wiwe ushaka kumwankira.
14
Yezu ahambwa
Ba bagendanyi bahambiriye ikiziga mu mpuzu yera cane, baragihamba mu ruhafu rushasha bimvye mu kibuye, n'umutima wa Yezu uja guhoza imitima y'abari bapfuye neza.
Информация по комментариям в разработке