MTC - IKIZIRITSE UMUTIMA (Official Video)

Описание к видео MTC - IKIZIRITSE UMUTIMA (Official Video)

Prod by Trick on the beat
Directed by John Elarts

Lyrics

Ndashikamye
Ntaho azonta


Umugororotsi ntahebwa
Ntatabwa ntasigwa arashigikirwa
Afise Imana Nk'isoko y'ivyizerwa
Uko bwije uko bukeye Igenda Imwereka ubwizigirwa

Ivyo bikantuma nizigirako
Ivyo Yambwiye vyose mbwirizwa kubishikako
ntibimatanye n'amajambo y'abantu bimatanye n'umutima w'Imana Itisubirako

Ngendana ubushizi bw'ubwoba
Nzi yuko ivyo Yambwiye vyo n
Bizoba
Yambwiye ko amfiseko ivyiyumviro vy'amahoro kugira ampe ivyizigiro vya kazoza

Ndizera ndizera ko nzohashika
Ko atacotuma Icavuze kidashoboka
Nk'uko umutwenzi atacowubuza kuza Niko Ijambo ryiwe naryo atakizoribuza gushika


Refrain/

Je ndashikamye ngenda buno bushizi bw'ubwoba. Aaaa
nuzera nizigiye ibitokwizigiwe Y'uko vyoba aaaaa

Ivyo ntibizontetereza
Ndazi ko iyo nja ari heza
Mfise ivyo vyizigiro nk'ikirits'umutima
Naho bitobaho kubwanje arabimenya

2.
ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe bikihuta kugishikako
ntibibesha ntibibura kuza iyo vyavuzwe naho vyoteba birashika koko

Mba narihebuye iyo ntaza kwizigira
Ko nzobonera ukugira neza kwa Rugira
Muri iyo ino si y'abakiriho mbona impera y'umugororotsi uburyo yama agenda atotahara
ndashikamye ndashikamye
Sikubw'Umuntu n'ubuntu bw'Imana buzigamye
Aha nibwo buhanshikanye kandi sinkekeranya Imbere ho niheza cane
Ivyo Yambwiye nzobikora
Aho yavuze nzohagera
Niwe anshigikira igikorwa ciwe muri je niwe azogusozera


Ivyo mbamwo uyu musi ntaho vyogereranywa n'ubwiza je mbikiwe
Ivy'icubahiro niwo mugabane je nateguriwe

Ivy'ubwiza buremereye
Kurugezo rutsindagiye runyingishe
Rusesekaye
Nivyo jewa nateguriwe muri we


Naho igicapo kinini c'ejo mfise ntaragishikira (hmmm hmmm non)
Ntibintera kwihebura
Ukwizera ntabwo kungabanukako
Inkomezi buri musi zama ziyongerako

Erega Kristo niwe centre y'ukwanje Kwizera
Niwe nyanduruko ninawe agusozera
Ntera nj'imbere nduga cane hejuru
Je nd'uwushika kure nshobojwe n'Iyo mw'ijuru

Bino vyizigiro ntibitetereza
Mbifise nk'ikirits'umutima kinyemeza
Ko atacobuza gushika Ijambo ryiwe n'ivyapfuye birazuka n'ibitariho bikaza

Sinihebura je sindekura
Ndimuzera sindi mubiyonjorora
Ico Nzira n'ukwiganyira
Ico nkora ngumya ukwatura ivyizigiro bizima ivyanje nkavyegukira

Refrain/

Je ndashikamye ngenda buno bushizi bw'ubwoba. Aaaa
nuzera nizigiye ibitokwizigiwe Y'uko vyoba aaaaa

Ivyo ntibizontetereza
Ndazi ko iyo nja ari heza
Mfise ivyo vyizigiro nk'ikirits'umutima
Naho bitobaho kubwanje arabimenya

Siniganyira haba namba
Ikizirits'umutima kimbwira ko nzoshika
Sinzokwigera ncura intimba
Umutima wanje urizeye ko bishoboka
.eeeeyaa aaah eeeyaaa aaah eeeh eeeh eeeh
Ugushika kure n'Iyo Nzira ndimwo bimeze nk'ikizirits'umutima

#mtc #ikiziritse_umutima

Комментарии

Информация по комментариям в разработке