Kwitiranya ubuserukizi bw’Uburundi n’ibikorwa vy’umuryango w’umukuru w’Igihugu (F. Bamvuginyumvira)

Описание к видео Kwitiranya ubuserukizi bw’Uburundi n’ibikorwa vy’umuryango w’umukuru w’Igihugu (F. Bamvuginyumvira)

Umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye arakwiye gutandukanya ibikorwa vyega umuryango wiwe, n’ivyega igihugu. Birateye isoni kubona umutambukanyi wiwe amenyesha ko ari we yashikirije ubutumwa bwa Ndayishimiye bugenewe umukuru w’Igihugu ca Guinée équatoriale. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, avuga ko ari akamaramaza kubona Angeline Ndayishimiye yandika ku rubuga rwiwe rwa X ko ari we yatwaye ubutumwa bw’umukuru w’Igihugu mu kindi gihugu. Bamvuginyumvira akaba avunira akagohe Ndayishimiye ko mu gihe atobihindura akareka gufata umutambukanyi wiwe nk’umwe mu bagize leta, bishobora kuzomuteza ikibazo.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке