NATANGUYE KUNYWA INZOGA N'ITABI KU MYAKA 15 GUSA | UMUGABO WANJE NAMUSAVYE DIVORCE NDAMURENGANYA.

Описание к видео NATANGUYE KUNYWA INZOGA N'ITABI KU MYAKA 15 GUSA | UMUGABO WANJE NAMUSAVYE DIVORCE NDAMURENGANYA.

Haruwo afise iciyumviro ashaka guterera canke icipfuzo kubijanye ni kiganiro? Yoduhamagara canke akatwandira kuri izi numero: 1 (602) 525-4010

Muri iki ikiganiro, twaganirije Umukozi w'Imana Emelyne asengera mw’Ishengero rya Christ life center.

Mu ntahe yaduhaye, yatubwiye ubuzima yaciyemwo akiri umwana muto aho yabuze abavyeyi biwe akaza kurerwa na Nyurakuru, munyuma akaza kurerwa nundi muryango ariko nawo akaza kuwunanira.

Yahise ava muri urwo rugo aragenda atababwiye , kuva ubwo atangira ingeso yo kunywa itabi n'inzoga yinyegeje ku myaka 16 gusa.

Nyuma yaje kubakana na Elvis kazungu umukozi w'Imana ubu muri Christ life center Bose banywa inzoga. Nyuma Kazungu we yaje gukizwa hanyuma yimukira muri America asiga Emelyne n'abana, kuva ubwo Emelyne atangira kumubwira ko bagomba gukora divorce.

Igihe kimwe Emelyne yabwiye Umugabo we ko atazopfa yongeye kubona umubiri we.
Ubwo umugabo we yari muri America, Emelyne yaje gukomeza ajya gusenga Kuwamungu, aza gukizwa by'ukuri ivya divorce arabihagarika.

Kuri ubu Emelyne abana n'umugabo we n'abana babo muri America, ni umuryango ushima Imana.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке