Impari munamanshingamateka,kukibazo c'impinyanyuro z'amategeko kumfashanyo Burundi buhabwa 5/8/2024

Описание к видео Impari munamanshingamateka,kukibazo c'impinyanyuro z'amategeko kumfashanyo Burundi buhabwa 5/8/2024

Kwiga integuro y’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro risubiramwo ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro inomero 1/20 ryo ku wa 03 Myandagaro 2019 rishinga uko Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro itunganijwe, uko ikora hamwe n’ingene ivyerekeye imanza bigenda muri iyo Sentare, ni co gikorwa cakoranije Inama Nshingamateka kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 04 Nyakanga 2024.
Mu nama yari ihagarariwe na Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe, Reta yari yarungitse Umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano ngo ashikirize Abashingamateka imvo n’imvano yatumye haba isubirwamwo ry’iyo nteguro y’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi.
Nk’uko iyo ntumwa ya Reta yabishikirije, ngo hari utunenge twibonekeje mw’ibwirizwa rigenga Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, cane cane ku ngingo ya 50 yaryo basanze ivuguruza iya 58 y’igitabu c’amategeko agenga amatora. Ni co gituma rero ngo hari hakwiye kuba ukuroranisha ibiringo vyo kwitwara mu vyerekeye amatati ajanye n’amatora muri ayo mabwirizwa abiri.
Vyongeye, ibwirizwa rigenga Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ritegekanya ingene ivyerekeye imanza bigenda muri iyo Sentare, ariko ngo ikaba itayavuga neza ngo itomore ububasha bwayo. Iyo nteguro y’ibwirizwa ngo ntaco yavuga ku kungene imanza ziburanishwa mu gutuma iyo Sentare ikoresha ububasha ihabwa n’Ibwirizwa Shingiro, kugira icungere ko inzego za Reta n’izindi nzego zubahiriza Ibwirizwa Shingiro, harimwo n’amasezerano yerekeye amateka ngenderwako y’ikiremwa muntu.
Umushikiranganji Martin Niteretse yabwiye Abashingamateka ko ibishasha vyo muri iri bwirizwa bizotuma umuco w’ukwubahiriza agateka ka zina muntu utsimbatazwa mu nzego za Reta, ivyo na vyo bikazogabanya imanza zerekeye agateka ka zina muntu muri Sentare zitandukanye canke mu butungane mpuzamakungu, imbere y’uko Sentare zose zo mu gihugu zibifitiye ububasha ziheza kwiturwa.
Muri iyo nama ya bose, kabaye akaryo ku Bashingamateka ko gusaba intumwa ya Reta ko integuro z’amabwirizwa aha uburenganzira Reta gutera ibikumu ku masezerano hagati y’Uburundi n’ababufasha (projets de ratification) yoza araca muri Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro kugira ngo isuzume ko ingingo zose zubahirijwe. Basaba kandi ko izo nteguro zoza zirashikanwa kare imbere y’Inama Nshingamateka ikiringo gitegekanywa kitaregereza kurangira.
Inyuma yo guca irya n’ino no guhinyanyura zimwe mu ngingo zigize iyo nteguro y’ibwirizwa, Abashingamateka baciye bayemeza ijana kw’ijana.
#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Комментарии

Информация по комментариям в разработке