NAVUKANYE IKIBAZO C’UMUTIMA. ABAGANGA BARAMBWIYE NGO SINZABAHO! AHO NIHO NABONEYE IMANA.

Описание к видео NAVUKANYE IKIBAZO C’UMUTIMA. ABAGANGA BARAMBWIYE NGO SINZABAHO! AHO NIHO NABONEYE IMANA.

Haruwo afise iciyumviro ashaka guterera canke iciyumviro ku bijanye n'ikiganiro ca WARUBIZI? Yoduhamagara canke akatwandikira kuri izi numero : 1(602)525-4010

Muri kino kiganiro ,twaganiriye n'umukozi w’Imana Mme Nicole Niyonkuru asengera mw’Ishengero rya Christ Life Center.

Akaba yataratubwiye urugendo rwiwe atarakizwa, ko avuka mumuryango babiri kuri Mama wiwe, nabandi babe kuri Papa wiwe. Yakuze yisanga arezwe na Nyogukuru wavyara Mama wiwe. Akaba yakuze atabona Papa wiwe yagiye kumumenya afise imyaka itandatu.

Nicole akiri muto yamanye agahinda kanini cane gose kubera kutabona Papa wiwe , bika vyaramugora cane nokugira incuti zari zifise abavyeyi bose.

Muri 1997 Nicole yaragiye aho Papa we yaba asanga yarapfuye , baranamushingura batigeze bamenyesha umuryango wo kwa Mama Nicole ico gihe Nicole yarafise imyaka 13 arababara gushikaho avugako Papa wiwe ari UMUGOME,
Ntivyatinze muri 1998 Nicole afise Imyaka 14 abura Mama wiwe ariwe yarasigaranye agahinda karamwica, arateba aranahagarika nishure amezi 3.

Ubuzima ntibwigeze bworoha nagato .Muryango warakoranye Nicole abona gusubira kwishure noneho aja kwiga abayo aho yahuriyeyo numugenzi amubwira ubutumwa arakizwa. Nicole yarabandanije atuyagira atubwira yuko mugukizwa kwiwe yakijijwe kubera ubwoba , akizwa kugira akingire abo asigarane ntibapfe. Yumva yuko aribwo buhungiro bwiwe .

Nicole ubuzima bwiwe bw’ugukizwa ntaco yigeze ahindura yaraje muri boite , agakora nibindi vyinshi ariko misi yose akama yibuka gusengera babantu yarasigaranye.

Muri 2018 Nicole yaratubwiye ko yaje mugihu ca America. Yari yarasanzwe afise ikibazo c’umutima aho yaja kwa muganga baramubaga amara masaha arenga 24h akiri muri coma . Imana Imwongera amahirwa arongera arabaho, kuva ico gihe Nicole yahindutse umuntu musha nukwizerwa kwikurahinduka gose .

Nicole yaratubwiye ingene Imana yamukuyemwo kwama ahagaritse umutima , atubwira uko muri ico gihe yarari mubitaro ingene yagiye kubitsa abana uwaru mubanyi wiwe.

Nicole yaratubwiye ko yakize ibikomere vyose vyokutagira abavyeyi, akarenzako akababarira numuryango wiwe bwite.

Ubu Nicole numugore yubahwe Imana , adatinya gushinga intahe yivy’Imana.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке