MĂNA MPĒZAGIRIRA UBU BUGENI (BUCÚMI DONAVINE & NTĀFÁTIRO PATRICE)

Описание к видео MĂNA MPĒZAGIRIRA UBU BUGENI (BUCÚMI DONAVINE & NTĀFÁTIRO PATRICE)

5.8. MPEZAGIRIRA UBUGENI

1. Burya kw’isi jewe na wewe dutora ibintu bike cane:
2. Sinatoye umuryango, sinatoye ubgoko n'igihugu
3. Sinatoye abavyeyi, sinatoye avandimwe n'incuti zose
4. Sinatoye Imana yanje, sinatoye abo duhura n’abagendanyi
5. Sinatoye abana b’intore Imana izoduha kuko «havyara Imana »
6. Ariko uno musi mugore wanje nagutoye wewe musa kandi wisa.

7. Natoye
8. Wewe Mâna wankuye mu tuziba inari
9. Wewe Mana unzi imyaka inanzi ntaranavuka
10. Ukaba uri Mudahetwa na Mudaharirizwa
11. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze
12. Wewe Mâna ubona urtya vyose na kazoza
13. Kandi ukaba Uwamaho ejo bundi, ubu-u n’ejo
14. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze.

17. Sinatoye kuvuka, kwaruka mbere no kugera aho ngeze
16. Sintora ico mvuga, abamvuga n’ico nkora
17. Sintora ivyigwa, abigisha n’abigishwa banje
18. Sinzotora urupfu, abazomfuba n’abazoshinga intahe
19. Ariko jewe naritonze ndagutora mu ndanga zigandagaje
20. Uno musi mugore wanje nagutoye wewe musa kandi wisa.

7. Natoye
8. Wewe Mâna wankuye mu tuziba inari
9. Wewe Mana unzi imyaka inanzi ntaranavuka
10. Ukaba uri Mudahetwa na Mudaharirizwa
11. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze
12. Wewe Mâna ubona urtya vyose na kazoza
13. Kandi ukaba Uwamaho ejo bundi, ubu-u n’ejo
14. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze.

21. Natoye ata gitsure, ata musunikano n’ikimoko i mugongo
22. Umutima wanje witoye uratora neza iciza ciza cogeje
23. Uragera neza urageranya icitegerezo ciza mu vyiza vyose
24. Ubu umutima wanje watoye umugore yisa mu beza bose
25. Ndagomba ngorwe, ico nzi muri BaMaziyateke natoye wewe musa
26. Uno musi mugore wanje nagutoye wewe musa kandi wisa.

7. Natoye
8. Wewe Mâna wankuye mu tuziba inari
9. Wewe Mana unzi imyaka inanzi ntaranavuka
10. Ukaba uri Mudahetwa na Mudaharirizwa
11. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze
12. Wewe Mâna ubona urtya vyose na kazoza
13. Kandi ukaba Uwamaho ejo bundi, ubu-u n’ejo
14. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze.

27. Nitonze ndatora umugenzi n’umutambukanyi mwiza utoraba
28. Hagati na hagati mu bihumbi n’ibihumbagiza Imana yaremye
29. Natoye guterwa iteka rizima nk'iry’uwumvyara
30. Natoye gusezera burundu ubusore n'ubukumi
31. Natoye kwibera mu Rukundo rutagira ingero izwi n’abantu
32. Ko natoye, none nshimire nde atari Wewe Mâna nshinze ubugeni?

7. Natoye
8. Wewe Mâna wankuye mu tuziba inari
9. Wewe Mana unzi imyaka inanzi ntaranavuka
10. Ukaba uri Mudahetwa na Mudaharirizwa
11. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze
12. Wewe Mâna ubona urtya vyose na kazoza
13. Kandi ukaba Uwamaho ejo bundi, ubu-u n’ejo
14. Hezagira uno musi ubu bugeni ngushinze.

Комментарии

Информация по комментариям в разработке