UBUHANUZI / UBUVUGISHWA 20 bwa BEBA Gidiyoni k'UBURUNDI

Описание к видео UBUHANUZI / UBUVUGISHWA 20 bwa BEBA Gidiyoni k'UBURUNDI

Umuvugishwa BEBA Gidiyoni yari Umurundi avuka mu ntara ya Makamba, akaba yari yarahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kubera intambara yabaye mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 1972. Yasengera mw’Ishengero rya Pantecote i GATUMBA muri Tanzaniya, mugabo akagenda arashikiriza ubuvugishwa Uhoraho Imana yahora imubwira cane cane aburire Ihanga ry’Abarundi.

Umuvugishwa BEBA Gidiyoni ivyo yavugishijweko vyose vyagiye biraba mu gihugu cacu c’Uburundi, uko yagiye arabitondeka kimwe ku kindi gushika ubu. Ivyo vyatumye n’uyu munsi abantu bose babona yuko yari umuvugishwa w’ukuri w’umurundi wenyene amaze kubaho. Uyu muvugishwa n’Imana yaratashe mu Burundi kandi abandi bakozi b’Imana ntibamwakiriye nk’umukozi w’Imana kuko bari bumvise imburi atanga. Ari mu gihu c’Uburundi ku gatumba iwabo mu ntara ya Makamba, yahavuye afatwa n’ingwara bamutwara ku bitaro bikuru i Makamba, biranka bamufatana urugendo ngo bamutware kumuvuriza mu bitaro bikuru i Bujumbura. Bageze mu nzira, Imana imubarira iti babgire bagusubize inyuma kuko utazokira utegerezwa gutaha kuko igihe cawe kirageze.

Muri iyi video, tubashikiriza ubuhanuzi / ubuvugishwa 20 bwa BEBA Gidiyoni bwo mu mwaka 1992.

Mwipfuza kutwandikira, mwoturungikira ubutumwa bwanyu kuri iyi email:

Email: [email protected]

IHANGA RYERA RY'IMANA

Комментарии

Информация по комментариям в разработке