N’aho nakagendeye umutama w’imararungu||urya aririmba “mudigadige”||ubu umukobwa yubaka ari umugore

Описание к видео N’aho nakagendeye umutama w’imararungu||urya aririmba “mudigadige”||ubu umukobwa yubaka ari umugore

Kuva kera abarundi bashoje ibikorwa baraterama, bakinezereza. Mu kwinezereza baracuraranga, barivuga amazina, bakavugira ibicuba inka…

Torobeka Yozefu ari muri kino kiganiro, aritaho cane ivy’akaranga k’Uburundi. Iyo ntore mubona arazi gucurarangisha inanga n’ikembe, ariko arivuga amazina canke avuga ibicuba wohora urumva.

Muri iki kiganiro Torobeka yigana ukuntu yakunze akaranga na ko karamukundira, kamutuma azunguruka mu bihugu vyinshi kandi n’ubu kamufasha kwibeshaho. Aratako kandi akagereranya urunganwe rw’ubu n’urwiwe mu bijanye n’imico . Araryosha ikiyago, iyumviririze nawe.

#burundi #akaranga

Комментарии

Информация по комментариям в разработке